Mutwana: kuva imitego yose y’ibisasu bita“mine” iteguwe, ibintu vyarasubiye ku murongo

Reportages

Inyuma y’imyaka 6 hakozwe isekeza ryo gutegura ibisasu vyose bitegwa hasi bita “mine” vyari bikwiragiye mu karere ka Mutwana, ku mupaka w’Uburundi na Tanzania [mu ntara ya Rutana], imirimo yarasubiye itoto. Abanyagihugu bari barahahunze kubera intambara zahabereye kuva mu mwaka w’1993 [hagati y’imigwi yitwaje ibigwanisho n’igisirikare ca Reta] n’ibisasu vyari vyarahatezwe. Ariko ubu bose baragarutse. Urudandazwa rwo ku mupaka n’ibikorwa vy’uburimyi vyasubiriye gushinga imizi. Ako karere kahoze kiziziwe n’imigwi yitwaje ibigwanisho, ubu kagaburira igice kinini c’Uburundi. Ivomo riragaruka kuri kahise kadasanzwe k’ako gace k’igihugu.

Ku musi wa gatatu, isaha 12 z’igitondo. Umumenyeshamakuru wacu yahagurutse ku murwa mukuru w’ubutunzi, Bujumbura, mu modoka yo mu bwoko bwa kagongo yunguruza abantu. Bafashe ibarabara RN7 benshi bita “irya jenda”, maze berekeza Mutwana, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Uburundi. Ni muri zone Butezi, Komine Giharo, intara ya Rutana. Bategerezwa kwihuta kubera ari kure: ibirometero 200 uva Bujumbura. Inyuma y’isaha bahagurutse, ngabo bageze mu Mugamba, imwe mu ntara kama z’Uburundi. Hatandukanye rwose no mu gisagara ca Bujumbura. Imisozi, imirima y’icayi, inzu z’umuzingi, …. Igihe c’isaha zitatu, babarizwa mu Rutana. Baca bamanukana irya Bukemba. Baca Gihofi [hafi y’ihinguriro ry’isukari SOSUMO], imbere yo kwinjira mu karere ka Muzye. Imirima y’ibigazi ku ruhande rumwe, amashamba ateye igomwe, ku rundi. Isaha zitanu, ngabo barashitse ku Rubaho, muri komine Giharo. Ni akarere karangurirwamwo cane ibikorwa vy’ubudandaji. Ariko, kugira umumenyeshamakuru w’Ivomo ashike Mutwana aracasigaje urugendo rw’ibirometero 10.

Bimusaba umwanya kugira yitegure: gufungura, kugura amazi yitwaza, kugura ama inite ya terefone, n’ibindi. Isaha zitandatu zirenga iminota 10, nguyo afashe ipikipiki. Hafi isaha indwi, yarashitse Mutwana, ku mupaka. Ni ihuriro ry’abadandaza baturuka mu mice itandukanye: abarundi n’abatanzaniya. Uhashitse wakirwa n’uruja n’uruza rw’abantu. Uhabona ikamyo ziriko zirapakira ibidandazwa. Uretse amakinga n’amapikipiki biguma binyuragiranwa, hari kandi imangazini, ubunywero n’imashini zisya.

MUTWANA119
I Mutwana, amakamyo n’amakamyo niyo apakirwa ibidandazwa buri musi

Igice c’abanyagihugu babeshejweho n’urudandazwa. Abandi batunzwe n’akazi ko guhuza abadandaza b’abarundi n’abatanzaniya [courtiers]. Akarorero ni Jean Bosco*, afise imyaka 40 :

« Igice kinini c’ibifungurwa bidandarizwa ngaha biva muri Tanzaniya. Ni vyiza cane. Birakundwa. Nico gituma abadandaza b’abarundi baza kurangura ngaha. Kubera baba bavuye kure – Gitega, Bujumbura, Ngozi, …- ndabafasha kurangura ku batanzaniya. Ibidandazwa bishitse, nca ndabibabikira mu kurindira ko baza kubitora. Bashitse baca bampemba. Aka niko kazi kantungiye abana ».

Mu myaka yahera, ntawashobora kwinjira mu karere ka Mutwana. Harangwa intambara z’urutavanako hagati y’igisirikare ca Reta n’imigwi yitwaje ibigwanisho. Abanyagihugu bari barataye baromoka. Ibikorwa vy’ubudandaji n’uburimyi birahagarara. None vyari vyagenze gute kugira ako karere kizizirwe n’imigwi y’abagwanyi yo mu buseruko ? Inkurikizi zabaye izihe ? Ibi nivyo duca irya n’ino muri iyi nkuru.

Gukizura ikiyaya

Igice ca Mutwana kigizwe n’ikiyaya c’uruzi Malagarazi rugabura Uburundi na Tanzaniya.

MUTWANA111
Ikiyaya ca Mutwana

Umumenyeshamakuru wacu yarahatembereye. Yashaka kwibonera ubwiwe ingene urudandazwa rwifashe ku mupaka. Mugihe c’imvura, igice c’ikiyaya usanga cuzuye ibigera kubera ugusesa kwa Malagarazi. Kugira ushikire urwo ruzi, ubanza kubijabuka. Kubera iyo ngorane, ikamyo zishaka gupakira, zihagarara nko ku metero 500.

Isaha umunani n’iminota 40 z’umuhingamo. Nguyo umumenyeshamakuru arashitse ku cambu. Haca ibidandazwa bivuye muri Tanzaniya. Hari abantu benshi: ingenzi, abagurisha ibintu bitandukanye, abunguruza abantu n’abaje gusuma. Hirya gato, hari abantu bariko baraharira.

Ni ikibanza giteye igomwe. Ishamba rigizwe n’urufunzo, uruyange, imituntu n’imitwana. Uguma wumva inyoni ziririmba. Ibikere navyo biguma bivuga bihanahana. Usanga abana bariko barakinira ku nkengera z’icambu. Bamwe n’agahuzu bakuye. Ntiwokwipfuza kuhava. Hakurya mu buseruko, nko ku metero 700, ni muri Tanzaniya. Uterejeyo ijisho, ubona imisozi n’ibiti vyinshi. Ubwato butatu buhejeje gushika buvuyeyo.

MUTWANA222

Bwose bwuzuye ibidandazwa: ibigori, imyumbati, ifu, umuceri, indagara, ibinyobwa, n’ibindi. Ubundi bubiri bugira buhaguruke i Mutwana bugana muri Tanzaniya. Butwaye ibidandazwa bitandukanye bituruka mu Burundi: ibinyobwa vy’ihinguriro Brarudi, amasabuni, amazi ya kinju, ibiyoba, ibiraya, isoya, …Kuva ku cambu uja mu kibanza imiduga ipakiriramwo, ibidandazwa babitwara ku makinga, ku mapikipiki canke ku mutwe.

MUTWANA999
Ibidandazwa vyinjirira Mutwana bivuye Tanzaniya ni vyinshi cane

Naho biri ukwo, akanyamuneza ni kose ku banyagihugu. « Ubu ibintu vyarateye imbere, si nko mu gihe c’intambara aho vyose vyari vyaraparanganye », bivugwa na Bosco, w’imyaka 40, umworosharudandazwa [ahuza abadandaza b’abarundi n’abatanzaniya]. « Ubu turaronka agafaranga. Ingorane dusigaranye ni uko ata barabara rifatanya Mutwana na Tanzaniya rihari».

Manweliya*, imyaka 41, ni umurundikazi yabiriwe Tanzaniya. Ntaja kure y’ibishikirizwa na Bosco. «Ubu ndidegemvya haba mu kujabuka nja Tanzaniya canke mvayo. Umwanya wose ndavyiyumvisemwo nca njabuka. Hariho igihe ibi bitashoboka kubera intambara zari zigisibije».

Kiretse urudandazwa, Mutwana, co kimwe n’ikiyaya cose ca Kumoso, ni akarere kimbuka cane: umuceri, ibijumbu, imyumbati, amateke, ibiharage, ibigazi, …. Kuva kera, kagaburira igice kinini c’igihugu. Ukwo kwimbuka kwaho gutuma imiryango myinshi ihahurumbira.

Ariko sikwo vyamye. Intureka igihugu caciyemwo kuva mu 1993 zarahungabanije ako karere bituma abanyagihugu bahunga mu kivunga. Ni naco catumye ibikorwa vy’ubudandaji n’uburimyi bisubira inyuma. Abasirikare ba Reta n’imigwi yitwaje ibigwanisho, nibo baharangwa. Ijoro n’umurango. Imitego y’ibisasu vyo mu bwoko bwa “mine” yari yarakwiragijwe hose.

Mu ntumbero yo gutahura neza kahise k’ako karere, umumenyeshamakuru w’Ivomo yavuganye n’imigwi itandukanye y’imvukira zagize uruhara muri izo ntambara: abacitse kw’icumu, abahoze bateramira amahoro [gardiens de la paix], abahoze ari abagwanyi canke abasirikare basubijwe mu buzima busanzwe, hamwe n’abari mu ntwaro mu nzego zo hasi z’ico gihe. Ariko imbere y’ivyo, tubanze twibukanye iyo vyose vyazananye.

Igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye

Kuwa 24 gitugutu 1993, uwo mukuru w’igihugu wa mbere aturuka mu bwoko bw’abahutu, yitorewe n’abanyagihugu, yaragandaguwe. Ariko ico gihe ababikoze, akagwi k’abasirikare b’abatutsi, ntibabona ko ivyo bakoze bishobora gukwegera igihugu mu ntureka z’amoko na politike z’imyaka 10 [zahitanye abantu barenga 300.000].

1024x576_Africanews
Perezida Melchior Ndadaye. Ifoto: Africanews

Kw’igenekerezo rya 24 nyakanga 1994, haciye havuka umuhari, CNDD, wavuga ko ushaka kugarukira demokarasi. Wari ugizwe n’abahutu bababajwe n’ivyari bihejeje kuba. Bidatevye, uwo muhari uca ushinga ishami rya gisirikare: FDD. Nikwo havutse umugambwe CNDD-FDD, uno musi uri ku butegetsi.

Umuhari FDD waciye ufata ibigwanisho. Wifatanije na Palipe Hutu FNL, uwundi muhari, nawo nyene w’abahutu, wavutse mu myaka ya 80. Intumbero y’iyo mihari ukwo ari ibiri, kwari gusenyura intwaro y’ico gihe yari yiganjemwo abategetsi bo mu bwoko bw’abatutsi. Babita «abansi» ba demokrasi. Aba Palipe Hutu bakoreye cane mu burengero bw’Uburundi. Aba FDD nabo, bihariza utundi duce tw’igihugu, gushika no mu buseruko ku mupaka waTanzaniya. Mbere ico gihugu nico bagiye bahungiramwo iyo bageramiwe.

Kuva mu mwaka w’1998. Intambara zikomeye zaradutse mu duce two hagati, utw’ubumanuko n’utw’uburaruko dushira ubuseruko. Utwo duce dutatu twose twaciye duhinduka urubuga rw’intambara hagati y’abasirikare ba Petero Buyoya [ umukuru w’igihugu w’ico gihe] n’abagwanyi ba FDD. Ivyahononekariye ni vyinshi cane. Ndeste, n’abantu batari bake barahasize ubuzima. Nikwo Mutwana yisanze muri ivyo bibazo.

None vyavuye kuki?

Mutwana ni akarere gafise ico kisangije ugereranije n’utundi duce two mu buseruko. Karorohereza abagwanyi iyo bakeneye kwinyegeza canke kurengana mu mpisho. Niho honyene, mu buseruko, vyashoboka ko binjiriza ibigwanisho bija mu Burundi, baciye mu ryahumye igipolisi ca Tanzaniya. Ikindi kandi, muri ako karere niho hari inzira ibangutse ku bagwanyi baba bashaka kwinjira muri Ruyigi (mu buseruko), mu gice ca Makamba (mu bumanuko), no hagati mu gihugu (Gitega, Karusi …). Ibi vyatumye Reta ihashira ibirindiro bikomeye vy’abasirikare. Bama batana mu mitwe n’aba FDD.

Ni ku musi wa kane. Umumenyeshamakuru yabuze abo baganira. Bazindukiye ku mirimo mu turere twa kure. Ariko, ntareze amaboko. Aguma yiyumvira uwundi mukenyuro. Akirondera, umwe mu banyagihugu yamurangiye umuntu ashobora kumuyagira ibitari bike. Uwo nawe aba amaja mu buraruko, ku mutumba wa Buhogo. Ni ku birometero 10 uva Mutwana. Umumenyeshamakuru n’umuranzi wiwe ntibatevye gufata ipikipiki. Ni igihe c’isaha umunani n’iminota 45. Hafi isaha 10 z’umugoroba, ngabo barashitse Buhogo. Ikigwati gitoya: inzu nka cumi, ububare bubiri, imashini isya, imirima… Impande y’ibarabara, hari inzu imwe idasa n’izindi: yubakishijwe amatafari aturiye, y’amabati… Inyuma yayo, hari ikigangara kirimwo inka. “Ni harya nyene”, nikwo umuranzi yongoreye umumenyeshamakuru. Uno nawe aca arinjira mu kigo, ahasanga umugabo yambaye ipantaro y’ikoboyi, agapira, inkofero hamwe n’ibirato vy’ingamira. YitwaYeremiya*, imyaka 44. Ariko arategura icuhiro c’inka yiwe.

MUTWANA117

Yeremiya*arazi neza akarere ka Mutwana. Akiri muto, yarakoranye cane n’igisirikare ca Reta. Haba mu kugaba ibitero ku bagwanyi, haba mu kugira irondo, kurereka n’ibindi. None uwo munyagihugu yavyinjiyemwo gute? Yarayagiye Ivomo.

Mu mwaka w’1998, abagwanyi bigaruriye akarere ka Mwura. Kugira uhashike, urengana imitumba ibiri uvuye Buhogo. Ni ku birometero 15 vya Mutwana [ugana mu buraruko]. Igisikare ca Reta cagerageje kuhabomora ariko bigita ku w’amazi. Intambara ziba intambara. Ibisasu biraturika. Abantu barahunga. Ico gihe, Yeremiya*yari afise imyaka 23. Akarere ka mwura ukwo kameze, vyarorohereza cane abagwanyi. Hari imigina minini minini hamwe n’ibiti vyinshi. Ivyo vyatuma bashobora kwinyegeza. Mbere ni kimwe mu vyatumye abasikare batoroherwa. Bahagiriye uruhombo runini. Babonye vyanse rwose, bahavuye bikora ku bufasha bw’abanyagihugu.

Umusi umwe, ku mugoroba. Abasirikare bashwaye ikibanza abanyagihugu bahunga intambara bari begeranirijwemwo. Abagabo n’abasore bashirwa ukwabo, harimwoYeremiya*. Umwe mu basirikare arakankama: «Mwubahuka kuryama gute kandi ikomine yanyu yatewe? Mwa mihimbiri mwe! Abagabo mwese hanze! ». Ubwoba butekera Yeremiya*na bagenziwe. Icuya kirababirana. Umwe wese akibaza ikigomba kibe. Bahejeje kwegeranywa, baciye bajanwa ku kirindiro c’i Mwura. Bashitseyo, batangura kwigishwa ivya gisirikare. Inyuma y’indwi imwe, inyigisho zari zirangiye. Baca bahabwa ibikoresho: Inkoho, imyambaro, n’ibindi.

Inyuma y’aho babajanye ku rubuga rw’intambara kugira basahirize abasirikare bari bageramiwe. Ico gihe ibintu ntivyoroshe namba kuri Yeremiya*. Aracavyibuka:

«Urwamo rw’amasasu y’urutavanako, inkoho z’ubwoko bwose, ibiturika, …Yemwe, uwo musi nagumye ndyamye hasi mu vyatsi. Umwe mu basirikare yaranankubise ngo mvyuke biranka. Ubwoba bwari bwantekeye. Nabona ko ubwanje bwamaze kurangira. Nariboneye n’amaso yanje abagwanyi bariko baragandagura bunyamaswa umusirikare wa Reta. Nta n’urusasu na rumwe navuyeyo nsohoye. Ku mugoroba twaciye tuvayo. Dushitse ku kirindiro cacu, nashikiye mu bihano ». Yeremiya* yarahaburiye abagenzi batari bake: «Batandatu bapfuye ku musi wa mbere. Mubisanzwe, Mutwana vyari nk’ibiro bikuru vy’abagwanyi mu karere. Bari bakomeye cane kandi bafise n’ibigwanisho bikwiye».

Tugaruke kuri Mutwana

Mu ntango, intambara zari ziganje mu gace ka Mwura. Ariko, kugira abagwanyi bahashike bavuye muri Tanzaniya, nta wundi muhora bari bafise atari Mutwana.

MUTWANA44
Akarere ka Mutwana karimbuka kandi cane 

Kugira dushobore gutahura neza, twibukanye ko ikomine ya Giharo ifise ivyambu bitatu bijabuka muri Tanzaniya: Mutwana, Mwogo na Ngomanti. Ariko ibi vyambu bibiri vya nyuma ntibikunzwe kubera bitorohereza abahita. Ubijabukiyemwo, ushikira mu mashamba ateye ubwoba: nta mihana, nta nzira ndetse nta n’ibarabara rihari. Uhurirayo n’ibikoko biryana. Ikindi, uruzi rumeze nabi. Ntivyoroshe kujabuka. Nico gituma abagwanyi batakunda kuhaca.

Icambu caborohereza cari ica Mutwana. Cabafasha mu buryo butatu nyamukuru: (1) Ku ruzi Malagarazi hatunganijwe neza, uwujabuka n’amaguru aroroherwa. (2) Hafi y’umupaka [ku ruhande rwaTanzaniya] hari ikigwati c’impunzi z’abarundi b’abahutu bahunze mu 1972 [ntibigeze bagaruka mu gihugu c’amavukiro], hamwe rero n’amabarabara meza. (3) Icambu cegereye amashamba ya Muhasha [Akarere kari muri komine Kibondo – muri Tanzaniya – hahoze hari ikirindiro gikomeye c’abagwanyi ba FDD].

Muri (1), vyumvikana ko amasanganya yo mu ruzi yari make cane. Muri (2), abagwanyi bavuye ku rugamba (mu karere ka Mwura) bararonka bitagoranye ubufasha kuri bagenzi babo b’abarundi. Abakomeretse baravurwa ata nkomanzi. Muri (3), abagwanyi barashobora kwiyoberanya bagashikira ikirindiro cabo igipolisi ca Tanzaniya kitabaciye n’ikanda. Twobamenyesha ko n’umukuru w’igihugu c’Uburundi w’ubu Petero Nkurunziza yigeze kuba muri Muhasha. Aka karere kari mu ntara ya Kigoma, i Buha. Amatohoza yakozwe n’umumenyeshamakuru w’Ivomo yerekana ko ibigwanisho n’amasasu vy’abagwanyi vyazanana umuhora «Dar-Es-Salaam – Kasulu – Kigoma – Muhasha».

Ibisasu “mine” bitezwé höse

Mu mwaka w’1999. Ibitigiri vy’ abagwanyi vyabandanije vyiyongera mu karere ka Mutwana. Kubera igisirikare ca Reta cari cananiwe kubatuza, categekanya gukurayo ingabo zaco. Ariko imbere yo gukinjura, basize bahateze ibisasu vyo mu bwoko bwa “mine antipersonnelle”, na cane cane hafi y’inkengera z’uruzi Malagarazi. Intumbero, kwari kuburizamwo uruja n’uruza rw’abarwanyi. Ivyo bisasu vyahitanye abantu n’ibintu bitari bike.

Ku musi wa gatanu. Umumenyeshamakuru yavuye Buhogo, agaruka kabugubugu [umutumba uri ku birometero bitatu vya Buha], kugira arondere abandi bamuha amakuru.

Imvura yaraye iguye. Ariko ikirere gisa neza. Ni isaha 4 z’igitondo. Nkuko vyama, ikamyo z’abadandaza batandukanye niho ziri. Umugwi w’abasore n’abagabo bagera nko kuri 10 bariko barazipakira imijagaje. Bakorana akanyamuneza ntangere: Indirimbo, ububangutsi,…. Bakoresha ibiseke. Ariko hari umwe muri bo atanezerewe namba. Mbere aguma yicaye mu bubiko bw’imyumbati. Niyo akorera. Afise akazi ko kwuzuza ibiseke, bagenziwe nabo bakaza guterura, bakurakuranwa. Babicisha ku munzane imbere yo gusuka mw’ikamyo. Bamutazira Gijira, imyaka 36.

MUTWANA222222

Ni kubera iki akora yicaye ? Nico kibazo umumenyeshamakuru yaciye abaza. « Agendana ubumuga ! », abari ngaho bishuriye rimwe. Uwo mwanya nyene, Gijira aca aduza ipantaro gushika ku mavi. Yereka amaguru yiwe umumenyeshamakuru. Uyu nawe, abonye ingene ayo maguru ameze, akubitwa n’inkuba ! Ubwoba buramutekera. Inkovu nyinshi guhera ku birenge gushika ku mavi ! Inyuma y’imyaka 22, imirundi ya Gijira ntirakira. Aracumbagira. Ntiyashimye ko inkovu ziwe zifotorwa. Ariko kahise kiwe gateye ubwoba.

Mu kwezi kwa kane 1998. Abantu bitwaje ibigwanisho bagize igitero i Kabugubugu, aho Gijira avuka. Baca bagandagura abatware babiri : Gatoto Spageon, umukuru w’umutumba, hamwe n’icegera ciwe. Kuva ico gihe, icuka gitangura kuba kibi muri ako gace. Reta ntiyatevye kuhazana ikirindiro gikomeye c’abasirikare. Bashinze amahema impande yo muhira kwa ba Gijira. Gurtyo Gijira n’ababanyi biwe baba batanguye inzira y’amagorwa. Umwanya umwe, igisirikare cabategeka kugifasha urugamba. Uwundi mwanya naho kikabategeka kuvomera amazi ibirindiro vyaco. Uwanse yakubitirwa kwicwa.

Haheze amezi makeya, Gijira n’umubanyi wiwe, Ntakarutimana, bafashe ingingo yo guhunga igihugu. Bihereje inzira mw’ijoro, bajabuka Malagarazi berekeza Buha. Uwo ivyago vyagiye n’ivyatsi ntibimubisa inzira. Bukeye, baciye bagwa mu minwe y’abagwanyi. Baca bajanwa ku kirindiro c’i Muhasha. Abo basore nta kundi bari kugira atari kwinjira mu muhari wa FDD. Haheze indwi zibiri, haje abandi babanyi ba Gijira batandatu bavuye Mutwana. Nabo nyene bipfuza kwinjira umuhari. Bose hamwe baca baba umunani. Ubwo nyene baca batangura inyigisho za gisirikare. Zamaze amezi atatu. Zarangiye, abahora ari “abana” bamaze guhinduka abagwanyi babushitse. Akarangamutima kabanyuze, mbere biteguriye no guheba ubuzima bwabo mu “kurwanira igihugu”.

Imbere yo kuja ku rugamba, Gijira na Ntakarutimana babanje gusaba akaruhuko k’imisi mikeya. Intumbero, babanze baje kubwira abavyeyi ingingo bafashe. Umusi umwe, ku mugoroba, bafata inzira bagana mu Burundi. Amasaha n’amasaha bari mu nzira, bahava barashikira ikiyaya ca Malagarazi. Ntakarutimana ari imbere, Gijira inyuma. Ni mw’ijoro. Ntawuvugana n’uwundi. Ntibashaka ko hagira uwubumva. Bageze mu gace kahoze karimwamwo umuceri, Ntakarutimana ahonyora ku mutego wa“mine”. Igisasu kiraturika, ahasiga ubuzima. Gijira nawe arakomereka bikomeye. Abahita bamumenye nibo bamukuyeho baca bamusubiza Tanzaniya. Ni uko yarusimvye na rirya abasirikare bari bafise itegeko ryo guhohosha uwo wese yakomerekejwe na “mine”. Yavuwe n’abarundi [bamwe bahunga 72] bafadikanije n’abaganga baturuka muri Kongo.Yatoye mitende inyuma y’umwaka. Inyuma y’imyaka 22, ibisigarira vya « mine » biracamurimwo. Ntiyigeze aronka uburyo bwo kwivuza.

Nk’uko bivugwa n’abanyagihugu bo mu duce twa Mutwana na Mwura, abahitanywe n’ivyo bisasu bitegwa hasi ni benshi cane. Ariko, Reta nta bitigiri nyezina yigeze ishira ahabona. Ibi biteye umutima uhagaze abahaburiye ab’abo. Nk’akarorero, abavukanyi Nyandwi*, Minani* na Fabiyano*. Bose bavuka muri Kabugubugu. Se wabo yahitanywe n’igisasu « mine ». Baravyiganiye Ivomo.

Myandagaro 1998. Umusi umwe inyuma y’umutaga, umuvyeyi wabo yagiye mu mirima gusoroma imboga. Haheze nk’isaha, bumva ikintu gituritse. Abo bana batatu, bo bihutiye kuja kwinyegeza. Ntibigeze bamenya ivyari vyo. Ariko bararindiriye ko umuvyeyi wabo ataha barahebura. Ibibazo bibabana vyinshi. Ubwoba. Umwiheburo. Bumaze kugoroba, niho inkuru mbi yabashikira. Yazanywe n’umutware wo mu nzego zo hasi : « Igisasu cahitanye umuntu hariya mu kiyaya. Ikiziga gisa n’ica so wanyu. Vyiza mwoshikayo mukaraba ». Nyandwi*, Minani* na Fabiyanobaca birukayo. Bahashitse, baguye mu gahundwe. Koko ikiziga cari ica se wabo. Ibihimba vy’umubiri vyatandukanye. Barataye umutwe, biranka ko bigumya, amarira aba amarira. Ariko Minani, imfura, arihagararako ati: « Dutegerezwa kumushingura vyihuta ». Bamufuvye mu mpisho.

Abo bana baba babaye impfuvyi zitagira se na nyina. Ubuzima bwiza bahoramwo buhinduka amagorwa. Minani* ati : « Twari tukiri bato. Jewe nari mfise imyaka 13, Nyandwi* 9, Fabiyano*6. Twari duhejeje kubura umuvyeyi twari dusigaranye kubera hari haciye imyaka ibiri mawe ashengeye. Twategerezwa kurima no kwironderera ivyo dufungura, kwigurira impuzu no kwirihira amashure ».

Inyuma y’imyaka 3, Minani* yari akwije imyaka 16. Yaciye afata ingingo yo kurongora kugira ashobore kurera barumunawe : kubaha indaro n’imfungurwa…  « Narabafashije, ubu barakuze, bose barashinze izabo ! birampimbara cane ».

Ariko Minani*aracafise ikimubabaje. Ababuze ababo kubera ibisasu vya « mine » ntibigeze bashumbushwa. « Harabaye isekeza ryo kurondera no gusambura ibisasu bitaribwo biturike. Ariko gushumbusha abahaburiye canke abahakomerekeye ntivyabaye. Hari n’abagifise ibisigarira vy’ibisasu mu mubiri. Bakeneye kubagwa, ariko ntaburyo bafise.Birababaje. Reta yari ikwiye kudufasha kuko twaguye mu mporero ».

Nduwayo Japhet ni umwe mu basubijwe mu buzima busanzwe. Avuka ku mutumba Shasha, uhana urubibe na Buhogo. Imitego ya “mine” yaramukomerekeje akatari gake. Mbere yahakuye ubumuga bw’amaso. Ubu ntabona neza kubera ivyuka vya “mine”. Mu mwaka w’2001, yajanywe kuvurirwa muri Kongo, mw’izinga rya Ubwali. Yamazeyo umwaka wose. Yagarutse i Mutwana mu mwaka w’2002, aca asaba ko yosubizwa mu buzima busanzwe.

« Mu gihe c’intambara, twagenda ijoro kugira abasirikare ba Reta ntibatubone. Kubera nanje nari maze kugira iyo ngorane y’amaso, sinabona neza. Mu mwaka w’2004, naciye mfata ingingo yo kuva mu gisoda. Ubu amagara yanje ntameze neza. Sinshobora gukora ibikorwa vy’inguvu ».

Imitego ya “mine” yarahitanye n’ibikoko, cane cane ibitungwa. Iyo bishitse igahitana igitungwa, mweneco yabwirizwa kuriha ico gisasu kugira ntikibe impfagusa. Nico gituma ababuze ibitungwa batigera bigaragaza.

Abatware vyabaye ngombwa ko bishikana

Inyuma y’igandagurwa rya Gatoto n’icegera ciwe mu 1998. Hakurikiye ikibazo co kubasubiriza. Nta n’umwe, muri Mutwana, yipfuza gusubira muri ivyo bibanza. Kubera abanyagihugu ntibatahura imvo z’iryo gandagurwa. Bose bagumanye ubwoba. Reta yahavuye ishiraho uwitwa Misheri. Ariko, inyuma y’amezi atanu gusa yaciye atanga imihoho. Muri ntwarante 1999, yashizeho uwundi: Karabasesa. Uyu we vyaramushobokeye. Mbere yaciye aba umukuru w’imitumba ibiri: Mutwana na Kibimba.Yagumyeho gushika muri 2005. Imyaka 6 ari ku burongozi. None yashoboye gute ivyananiye abandi? Yasiguriye Ivomo umukenyuro yakoresheje.

Inyuma yo kugenwa, yaciye atangura amatohoza mu mpisho. Yashaka kumenya igituma igitero co mu 1998 caje kigana abatware bo ku mutumba umwe gusa. Yabanje kuvugana n’abakuru b’iyindi mitumba, ahereye ku bamaze imyaka myinshi batwara. Inyishu bamuhaye yaramutangaje: «Gatoto ashobora kuba atigeze yumviriza impanuro z’abarwanyi kubijanye n’ingene bokorana». Karabasesa yaciye atahura.

Yaciye asaba umubonano abagwanyi. Mu mpisho. Ababwira ko yipfuza gukorana nabo. Ariko nabo bakamukingira. Ntibatevye kuvyemera. Kugira bigende neza, bamuhaye ivyo ategerezwa gukora: (1) kubamenyesha, ku mwanya ku mwanya, ibibera ku mitumba arongoye. (2) kuzoja arababwira uturere twose abasirikare ba Reta bazoba batezemwo imitego ya “mine”. Karabasesa arabibemerera. Mw’ibanga ntangere, yama yareretse abasirikare. Mbere ashiraho n’abamufasha kurereka. Abagwanyi baca batangura kuronka ku mwanya ku mwanya amakuru bakeneye. Ivyo vyatumye bashobora kwinjira mu Burundi igihe cose bashakiye ata nkomanzi. Ntawasubiye guhitanwa n’imitego canke ngo akomereke.

Karabasesa yahavuye atanga n’irindi tegeko ku banyagihugu biwe: «Nimwabona umugwanyi yakomeretse, muzokwihutire kumujana Tanzaniya. Bidakunze naho, muzomunyegeze mu mihana ».

Naho biri ukwo, hari bamwe baterekwa ivyo gufasha abagwanyi. Akarorero ni, Bucumi, ubu arongoye agacimbiri Kabugubugu. Mu gihe c’intambara, yari mu gwaruka ruhagararira amahoro ku mutumba. Yari afise inkoho. Yama ajana ku rugamba n’abasirikare ba Reta. «Jewe sinihanganira umuntu afasha abagwanyi. Igihe cose numvise umuntu abafasha naca ndamurega ku basirikare canke nkamwifatira jewe nyene», nikwo Bucumi abivuga. Ariko ibintu ntivyatevye kumuhindukirira. Umusi umwe iwabo haje umuntu, azanye ubutumwa butangaje: «Ibikorwa vyawe vyaramaze kumenyekana. Usigaye ufasha abasirikare guhagarika no kugandagura inzirakarengane. Ibiganza vyawe biriko amaraso. Vyokubera vyiza ubihagaritse. Ahandi ho uzokwibonerako».

Ahejeje kuvuga ivyo aca arigira. Bucumi aravye neza, abona yambariye ku nkoho ntoya yo mu bwoko bwa “pistolet”. Niko gutahura ko ari intumwa y’abagwanyi. Ubwoba bwaciye bumutekera. Yagerageje guhamagara iyo ntumwa kugira asabe umuco, ariko ijwi ntiryasohoka, kubera ubwoba. Karigunguza, yibutse abatware bagandaguwe. Ica mbere yakoze, yihutiye kuja kuvyiganira Karabasesa.Uyu mutware nawe, kubera yari asanzwe abimenyereye, yaciye amujana ku kirindiro ca Muhasha. Bakihashika, abagwanyi bihaye induru: «Ehe wamugabo w’intagondwa! ». Karabasesa araheza akura inkofero maze arabitanga:

«Mwaramutse banyakwubahwa! Uyu musore yarahindutse nukuri. Ubu aratahura umugambi rwose. Mbere aje kwishikana».

Iri jambo ryakirijwe amashi menshi. Umukuru w’abarwanyi aca ategeka ko babagaburira. Imfungurwa barabahereje. Barafunguye, barahejeje. Hageze ko basubira mu Burundi. Ariko imbere y’uko bahaguruka, umukuru w’abarwanyi yahaye Bucumi igikorwa kigomba gusa n’ico bari bahaye Karabasesa: Kugenzura abasirikare ba reta, kumenya ibikorwa vyabo n’imigambi yabo yose, no gutanga raporo ku musi ku musi, i Muhasha. Bucumi yahavuye aba intumwa ya Karabasesa. Niwe mbere azokwama amutwarira raporo zose n’ivyegeranyo ku barwanyi. Kuva ico gihe, amahoro yaciye asasagara mu karere. Abatware babona gutora agatiro. Muri 2002 hahavuye hasinywa amasezerano yo guhagarika intambara.

MUTWANA20

Ubu, akarere ka Mutwana karahindutse. Urudandazwa n’uburimyi vyarateye imbere cane. Imigenderanire hagati y’abarundi n’abatanzaniya yaranagutse. Mbere abanyagihugu begereye imipaka, barahanahana n’abakozi ata nkomanzi. Ahahoze ari ikirimbiro ry’imirwi yitwaje ibigwanisho, ubu niho hava imfungurwa zigaburira igice kinini c’igihugu. Ariko, haracariho ingorane zibiri zihanze abanyagihugu. N’ubwo ku musi ku musi, kuri uwo mupaka hinjirira amatoni menshi y’ibifungurwa bivuye muri Tanzaniya, (1) nta mabarabara ahari. Ivyo bifungurwa vyose bica muri Malagarazi mu bwato buto buto canke bikazanwa n’abantu bavyikoreye ku mutwe. (2) Iyindi ngorane, ako karere nta muyagankuba gafise. Kubw’abanyagihugu, hamwe izo ngorane zotorerwa inyishu, ibidandazwa bihaca vyokwigwiza na kabiri canke gatatu. Basaba Reta kubishiramwo inguvu.

*amazina yarahinduwe

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.