Uburovyi mu Burundi: ni ikizira ku bagore?

3 Likes Comment

Mu bihugu bimwe bimwe, imico n’imigenzo irakumira abagore ikababuza no kurangura imyuga bihitiyemwo. Nko mu Burundi, umugore ntarekuriwe gukora umwuga wo kuroba. Biri uko mu gihe haheze imyaka itari mike reta ishizeho indinganizo yo kunganisha ibitsina.

Twaragendeye uturere dutandukanye dukorerwamwo uwo mwuga nko ku kiyaga Tanganyika (mu burengero bw’Uburundi), ku ruzi Malagarazi (mu buseruko), ku biyaga vyo mu buraruko (Kirundo) hamwe no ku kiyaga dogodogo (mu buraruko bushira uburengero). Aho hose, nta mugore n’umwe akora umwuga wo kuroba twigeze tuhabona. Nta n’uwavyigeze.

Ikindi, mu bagore bose twahasanze, nta n’umwe yubahuka kugira ico ashikirije kuri ico kibazo abagabo bumva. Ariko ubihereranije ntibahisha agashavu. Biyamiriza ico bita imiziro “itagira mvura”.

Muri iyi nkuru duca mu mizi iyi ngorane kugira dutahure ico yoba ivako. Turihweza n’ingaruka zayo. Imbere yuko twinjira mw’ido n’ido, reka tubanze dutereze akajisho irya n’ino mu gihugu turabe ingene vyifashe.

« Nyandwi na Nzeyimana » 

Ni igihe c’isaha zitanu ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, mu gace ka Migera, muri komine Kabezi, intara ya Bujumbura (ibirometero 20 mu bumanuko bw’umurwa mukuru w’ubutunzi). Ikirere gisa neza. Akazuba kariko karaka. Akayaga kariko karahuhera. Akamoto k’ifi mbisi kakwiye hose.

Evelyne Nzeyimana w’imyaka 43, na Cécile Nyandwi, imyaka 33, bompi badandaza indagara, barindiranye igishika abarovyi bavuye mu kiyaga kugira barangure. Umwe wese ahetse umwana. Bahagaze hirya y’abagabo bariko barasanura ubwato, bongera botsa imbiya (ubwoko bw’ifi ntoya).

peche 2

Umumenyeshamakuru ahashitse, yihutiye kubegera. Bamubonye baca bashaka gutungwa n’ayo bameze. Nawe arabahumuriza: «Ntimugire ubwoba. Ndi umumenyeshamakuru. Nipfuza ko tuganira ». Gurtyo, babona guhumura. Icagenza uyu mukozi w’Ivomo nticari ikindi. Kwari ukumenya ikibanza umukenyezi afise mu mwuga wo kuroba mu Burundi.

«Umugore aroba? »

«Kubera iki mutariko muraroba nk’abagabo? », nico kibazo ca mbere c’umumenyeshamakuru. Evelyne na Cécile bagwa mu gahundwe: « Umugore aroba? Nta nguvu twifitiye data wanje. Ni akazi k’abagabo bo bakora n’ijoro. Twebwe ntivyotworohera», niko bishuye, biboneka ko badatekanye kubera abagabo bariko barayebayeba impande kugira bumvirize ico kiyago.

Abo bagabo bigiwe hirya, ba bagore baca bahindura imvugo. Cécile niwe yatanguye. Yongorera umumenyeshamakuru: “Kuba tudakora uwu mwuga si uko tutawushoboye. Abagabo ntibatwemerera”.

Evelyne aramwuhirira: «Ntibanatwemerera gukoza ikirenge mu bwato igihe tuba turiko turatora indagara. Batwagiriza ko dutera umukoshi. Birateye isoni ku gihugu ciyita ko giteye imbere. Bari bakwiye kutureka tugakora imyuga twihitiyemwo».

Haheze imyaka 8 umugabo wa Evelyne ashengeye. Yari umurovyi akomeye. Evelyne ababazwa n’ico yita imiziro “yataye igihe”: «Umugabo wanje yari afise ibipe n’ibikoresho vyo kuroba vyinshi. Amaze kwitaba imana, naripfuje kubandanya umwuga wiwe ariko abo bakorana baranyankiye. None agateka k’umukenyezi bose bama baririmba gahagaze he? ».

«Nta bagore dukeneye ngaha! »

Umumenyeshamakuru akiganira na ba bakenyezi babiri, aca yumva Manweli, umwe mu barovyi, asemerera n’ijwi rirenga rivanze n’agashavu kenshi ati: «Ehe ba bagore batera imikoshi. Nk’ubu ikiyaga carahumanye kubera bo. Ntitukironka imboga nka kera. Nibaveho! ». Imboga canke akaboga bisigura “ifi” canke “akanyama” mu mvugo y’abanyagihugu baturuka mu karere k’imbo n’uduce tuhegereye.

Umumenyeshamakuru yegera uwo mugabo w’imyaka 54 amubaza ikimushavuje koko. Ariko uwo asanzwe arongoye abandi barovyi, muri ako gace, vyaramugoye gutanga inyishu. «Umugore ntarekuriwe kuroba. Mbere arabujijwe no kwegera ubwato. Ni bibi cane kuko ifi n’indagara zica zihunga. Iyo ari mu butinyanka hoho ni ubugesera! », niko yishuye. Umemenyeshamakuru agumana akangonongono. Aca asubira kubaza: “None ni kubera iki?” Wa murovyi arishura: « Ba sokuru bamye baduhanura kwirukana abagore n’abakobwa kugira ntitugire ivyago. Kandi kuva ntanguye uwu mwuga, haraciye hafi imyaka 40, nta mukenyezi ndigera mbona awukora”. Iyi nyishu Manweli yayitanze agenda, ahunga umumenyeshamakuru.

Naho insiguro yiwe idafashe, bagenzi we nabo nyene barayishigikiye. «Nta ho vyakabonetse ko abagore bakora umwuga wo kuroba. Ntibibaho. Ntidushora kubareka ngo batuzanire ingorane », niko Yohani Nyandwi w’imyaka 52 yuhiriye. Umumenyeshamakuru amusaba umuco: “Izo ngorane uvuga ni nk’izihe ga Yoha?”. Uri uwundi ati: «Turetse ko ifi zica zihunga, harashobora no kwaduka amasanganya canke ubwato bukibira». Umukozi w’Ivomo abandanya abaza: «Woba umaze kwibonera n’amaso yawe ivyago vyashitse aha ku kiyaga kubera abagore bahaje? ». Wa mutama ati: «Habe namba! Navyumviye ngaha nukuri! Nabibwiwe n’abo nahasanze. Ariko n’abavyeyi barabimbwira ».

Abarovyi bamwe bamwe, cane cane abakiri bato, ntibatahura ivy’iyo miziro. Bavuga ko bapfa kuyikurikiza kubera babitegekwa n’ababahagarikiye mu mwuga. Akarorero ni Diomède Kabura w’imyaka 34. Ntatahura na gato igituma abagore basuzugurwa gushika n’aho babuzwa gukora imyuga bipfuza. Afatira ku vyo abona mu bindi bisata vy’igihugu nko mu nzego z’umutekano. Abagore basigaye bariyo ku bwinshi kandi ari akazi gasaba inguvu n’umwete bidasanzwe. «Jewe naratanze iciyumviro nsaba ko borekurirwa kwinjira muri uwu mwuga, ariko abankurira baranse. Ahubwo na jewe bahatswe kunyirukana», niko uwo musore yabwiye Ivomo.

Umumenyeshamakuru avuye ku kiyaga Tanganyika, yabandanirije amatohoza mu tundi turere dukorerwamwo uburovyi.

Kuri Malagarazi

Uruzi Malagarazi ruri ku birometero vyababa 200 mu buseruko bw’umurwa mukuru w’ubutunzi, Bujumbura. Rugabura Uburundi n’igihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Umumenyeshamakuru yahagurutse Bujumbura isaha cumi na zibiri z’igitondo. Hafi isaha zitandatu z’umuhingamo, ng’uyo arashitse muri zone Butezi. Ni kamwe mu turere urwo ruzi rucamwo, muri komine Giharo, intara ya Rutana. Yasanze umupfakazi Marisiyano, w’imyaka 40, ariko ararima ku nkengera za rwo. Marisiyano ari mu bagore bake muri ako gace bafise ivyo bazi ku bijanye n’umwuga wo kuroba. Umugabo wiwe yari yarabimwigishije imbere yuko ashengera. Ariko uyu mupfakazi ntiyigeze aronka amahirwe yo kubishira mu ngiro. Abahoze bakorana n’umucance wiwe baramwanikiye.

«Umugabo wanje yari yaranyeretse ingene bakoresha ingafe, ukuntu bajisha urusenga n’ukuntu batega ifi. Amaze gusandaba, naragerageje kwinjira mu mugwi yahora akoreramwo ariko abo bahora bakorana baranyankiye. Bambwiye ko ataho vyakabonetse. Nari nagerageje gutsinda ubwoba, ndabereka ko mfise ubumenyi kandi nkerebutse. Ibikoresho umugabo wanje yasize biguye mu nzu. Iyo igihe co kuroba kigeze, ndaraba umugabo ndabiha akabikoresha hanyuma tukagabura ifi. Urumva ko ndahahombera cane».

Bamwe mu bakenyezi b’ababanyi ba Marisiyano, babona ko bidakenewe guta umwanya wabo kuri iki kibazo. Akarorero ni Dorotiya, afise abana batanu. N’umwiheburo mwinshi agira ati: «Haheze imyaka myinshi dukumirwa mu bitari bike. Turarushe no kuguma dusaba ivyo tutari buronke. Kenshi abagabo bacu badufata nk’abana canke nk’abantu ataco bashoboye. Duca twinumira mama wanje kugira ntidupfe ubusa. Uwo ubibwiye akwishura ngo niko zubakwa».

Co kimwe n’abo kuri Tanganyika, abarovyi bo ku ruzi Malagarazi nta nsiguro yumvikana bashoboye gutanga ku gituma bakumira abagore. Ivyo bavuga ni ivyo bagiye barahererekana ku munwa kuva kera. Ntagoheka*, umutama w’imyaka 60, ni umwe muri bo, kandi afise uburambe. N’ubwo se wiwe yari umurovyi yabunyoye, ntiyigeze abimusigurira: «Igihe Data yanyigisha kwoga no kuroba, haraheze imyaka 40, yama abanza kwirukana mawe na bashikanje. Ntiyigera ambwira igutuma. Ariko umwana w’umuhungu, n’aho yaba afise imyaka itanu, yaramureka ».

Mu buraruko ho vyifashe gute?

Ivomo ryarabonanye n’abarovyi hamwe n’abanyagihugu baba ku nkengera z’ikiyaga Rweru, ku mutumba Mugongo, Komine Busoni, mu ntara ya Kirundo ihana urubibe n’igihugu c’Urwanda. Kirundo ni intara ifise ibiyaga 8. Muri vyo harimwo Rweru, kirangurirwamwo cane ibikorwa vy’uburovyi.

IMG_20180830_153407

Ni isaha 9 n’iminota 10 z’umuhingamo. Nko ku metero 200 uvuye ku kiyaga, abarovyi bariko baratara ifi ku gicaniro. Umwotsi watwaje. Wabatwikiriye ku buryo bigoye no gutandukanya abahari. Kubera uwo mwotsi, bamwe amosozi aguma akoroka. Abandi wumva bakorora. N’aho biri uko, abaguzi bo batuneje. Bagizwe n’abakenyezi nka 10 n’abagabo nka 5. Bariko baramiramitwa. Barindiriye ko akaboga gatungana kugira basume maze baje kubukura mu cibo.

Umumenyeshamakuru aca atangura kubakoma ishwashwa. Adatevye, abaza ikibazo ca mbere: «Ndipfuza kuganira n’abakenyezi basanzwe bakora umwuga w’uburovyi. Nobaronka gute? ». Ubwo nyene Domitira Mbayahaga, umwe mu bagore bari ngaho, amera nk’uwukubiswe n’inkuba: « Nta mugore ndigera mbona aroba ngaha mu Kirundo. Mfise imyaka 52 ». Umumenyeshamakuru ati: « None birabujijwe? » Mu guhakana, Domitira yazungagije umutwe. Aca avuga yitwengera ati: « Muri make, uburovyi ni umwuga w’abagabo ».

Igitangaje. Abarovyi bo mu Rweru ntibakaze cane mu vy’imigenzo nk’abo kuri Tanganyika na Malagarazi. Benshi muri bo nta ngorane babibonamwo hamwe abagore bokora umwuga wo kuroba. Toma ni umwe mu baserukira abandi. Asigura ko ahubwo abagore bo mu Kirundo ari bo batavyitaho: « Twaragiye inama, twumvikana ko twobareka ngo dukorane, ariko baragize isoni zo kuza kuroba ».

None ingorane yoba ihagaze he? Mu kibano niho batakira neza umugore aroba. Yuliyeta afise imyaka 49. Afise abakobwa babiri n’abahungu babiri. Ntashigikiye namba ko abakobwa biwe bohonyoza ikirenge mu bwato bumwe n’abagabo ngo bariko bararoba. Insiguro atanga : « Abarovyi ni abantu ata ndero bafise. Ni nk’abungere. Turetse abakobwa bacu bakabijamwo, vyotukisha umuryango wacu ».

Hariho abagore n’abigeme bari bagerageje kwiga uwo mwuga. Ariko imiryango yabo yababereye intambanyi. Umwe muri bo ni Antoinette, w’imyaka 25. « Jewe naruriye ubwato incuro zitari nke. Abagabo baranyeretse ukuntu novyifatamwo. Ariko igihe cose nshitse muhira ababanyi bose bantondako. Bambaza igituma nagiye mu bwato kandi ndi umukobwa. Baguma bantwenga. Havuzwe vyinshi cane kuri jewe. Vyaranciye inkokora. Vyanteye isoni, nca ndabiheba », niko yabwiye Ivomo. Arongera ati: « Ukwo biri kwose, ibintu vyari bikwiye guhinduka ».

Kuri Dogodogo

Dogodogo ni ikiyaga gitoya kiri ku birometero vyababa 70 mu buraruko bushira uburengero uvuye Bujumbura.

Ku bijanye n’uburovyi, ico kiyaga nta na hamwe gitandukaniye n’ibindi vyose umumenyeshamakuru yagendeye. Imvugo ni yayindi nyene mu barovyi: « Umugore ntashobora gukora umwuga w’uburovyi. Vyotera ingorane nyinshi ». Ariko n’aba nta nsiguro itomoye batanga.

peche 3

Hari ikintu gitangaje muri aka karere. Bamwe mu bakenyezi barazi gusoza neza. Akarorero, ni abafise imirima hakurya y’ikiyaga. Bagiye canke bavuye kurima, bagenda n’ubwato bakisoza bo nyene. Nta yindi nzira ishikayo ihari. Ariko, ntibemererwa kuroba. Dorotiya Niyonsaba*, imyaka 41, amaze gutwara ubwato incuro nyinshi. Avuga ati: « Ndazi gukoresha ingafe nkasoza ata ngorane n’imwe. Ariko mpirahiriye ngo nshaka ndobe abagabo baca banyirukako ngo nkoze ibidakorwa. E mama ngo nataye indero. E mama ngo ndi umugore. Ariko ntibisiguritse. Nkumbure ni ukutamenya n’ukwigungirako bituma badukumira ».

Umubanyi wiwe Makurata nawe nyene ntarya umunwa : « Abagabo bari bakwiye kureka kudusuzugura. Sintahura igituma dukumirwa muri uwo mwuga kandi ariwo nkumbure wotumye twibeshaho. Natwe turafise ico twoterera mw’iterambere ry’igihugu ».

N’aho umumenyeshamakuru yaciye muri utwo turere twose, ntivyamuhaye inyishu itomoye ku kibazo co kumenya igituma abagore bankirwa kuroba. Vyatumye yongereza inguvu maze akora itohoza ryimbitse.

IMVO Z’UKURI NI IZIHE ?

Umumenyeshamakuru yarasubiriye afata urugendo aja kurondera abarovyi b’abakukuruke n’abakurambere. Mu kiganiro yagiranye na bo ashizeko n’ubushakashatsi we nyene yigiriye, yarashoboye gukuramwo insiguro zitandukanye. Zimwe ziratahuritse. Izindi nazo zijanye n’ukutamenya canke n’ibintazi.

Imvo ifatiye ku kutamenya

Ubutinyanka ni amaraso kama abagore n’abakobwa bibonako uko ukwezi gutashe. Niko baremwe. Yamara rero, muri kamere k’abarundi eka mbere no mu bihugu bitari bike, amaraso bayabonamwo ikintu gihumanya isi (n’ibiyiriko), inzuzi n’ibiyaga (n’ibinyabuzima bibayo vyose),…. Bama bibaza ko ayo maraso abakozeko woba ari umuvumo. Kugira rero bikingire, abarundi bari bafise umugirwa babona nk’inyishu y’ikibazo : umukenyezi wese ari mu butinyanka yategerezwa kwimba akanogo, akakicarako kugira amaraso yiwe atemberemwo.

Kubwa Yohani Barafatanya, umutama w’imyaka 81, asanzwe aba muri Komine Nyabihanga, Intara ya Mwaro, ivyo babikora kugira bakingire isi ndimwa. Bibaza ko hamwe amaraso yoyikorako itosubira kumera. « Gusesa amaraso mu kanogo, kwari nko kuyahamba kure y’ikintu cose ngirakamaro canke kure y’ibinyabuzima », niko uwo mukurambere abisigura. Abandanya agira ati : « Kubera atawamenya neza igihe abagore bagira mu butinyanka, icari coroshe kwari ukubakumira mu myuga yose yakorwa n’abagabo ».

Ico ciyumviro kirashigikirwa na Yohani Ndikumana, w’imyaka 78, aturuka muri Komine Muhuta, Intara ya Bujumbura : « Ugutinya umuvumo nico catuma abagabo bakora ibishoboka vyose bakigiza kure abagore. Murazi ko ubwoba butesha ubuntu. Umunyabwoba nawe ntiyiyumvira ».

Kwikingira ivyago

Kugerageza kugabanya amasanganya no kwirinda ivyago ni iyindi mvo. Iyi niyo iratahuritse cane. Ariko abarovyi benshi ntayo bazi. Nkuko bishikirizwa na bamwe mu bakukuruke, ni vyiza gukora ibishoboka vyose mu ntumbero yo kwirinda ivyago. Ibi vyatangaje umumenyeshamakuru, bituma asaba umuco. «Ivyago? Gute? » Hantoni Bararugurika, imyaka 76, avuka muri Komine Kabezi, hafi y’ikiyaga Tanganyika, yaciye amwiganira : « Urazi ga kibondo, ico kiyaga ubona kirateye ubwoba cane. Ukiravye ku murango kiratekanye. Ariko mw’ijoro, ibintu birahinduka. Kirenyuza ». Uri uwundi ati : « Mw’ijoro bigenda gute ga sogoku ? ». Wa mukurambere arahindukira, araba mu kiyaga maze atangura kuvuga : « Hariya hagati mu mazi, nko ku birometero 10 uvuye ku nkengera, hariyo umuyaga n’ibisebuzi vyinshi. Bikara mw’ijoro. Imikuba irashobora kuduga gushika ku metero 2 uja mu kirere. Muri ico gihe, ubwato bugenda buduga bwongera bumanuka, bwicekagura, buzungazunga,… Eka ni urugamba rukomeye. Nta muntu yobizanamwo abakenyezi. Abarovyi baragwana n’akuya kakabira ».

Handereya Nyandwi, imyaka 74, aratanga iyindi nsiguro ihambaye cane :

« Iyo haje ibisebuzi bikaze, abarovyi bose bari mu bwato baca bakura impuzu kugira bitegurire urwo rugamba atakibagora. Basigarana utubutura two musi gusa. Wiyumvire rero nk’igihe vyogenda ukwo mu bwato harimwo abagore n’abagabo. Kandi haba ari no mw’ijoro. Ibisamaza vyohava biba vyinshi, no guherayo bagaherayo. Iryo kosa ntaworikora kibondo ».

Iyo nsiguro yemezwa kandi n’abarovyi b’abakurambere barobera mu nzuzi zo hagati mu gihugu. Matayo Kabagenza* w’ imyaka 70, avuka mu ntara ya Mwaro. Amenyesha ko bahora batega ifi bakoresheje ubutobero (ni imizi y’ibiti vyo mw’ishamba basekura, bakavuguta bikavamwo uburozi ari na bwo basuka mu ruzi. Ifi zivyihereje zica zipfa) : « Mu kuja gutera ubutobero twagenda turi gusa twese. Twambara utubutura two musi gusa. Ba sokuru batubwira ko ugiye kubutera wambaye impuzu ata cavamwo. Ifi ngo ntizapfa. Uca wumva ko vyoba akamaramaza mu gihe umugore yogenda ari gusa mw’ibarabara. Ivyo ntawohirahira ngo abikore. Biciye kubiri n’imico y’ikirundi ».

Umumenyeshamakuru wacu yaraganiriye kandi na Mizungo umwe mu barovyi bakomeye mu karere ka Mutwana, i Giharo. Arerekana ingorane ziri mu mwuga w’uburovyi mu karere aherereyemwo : « Ibikorwa vy’uburovyi bikara neza na neza guhera mu kwezi kwa mbere. Turava mu miryango yacu tukagenda kuba ku ruzi Malagarazi. N’imiburiburi tumarayo ukwezi kwose tudasubiye mu miryango. Tuza turegeranya ifi turonse gushika ku musi wo gutaha. Simbona rero ukuntu umugore yosiga umuryango, agaheba abana, akagenda kumara iyo misi yose mu gahinga, kandi ari kumwe n’abantu b’abagabo. Ingaruka mbi zoba nyinshi mu miryango. Ingo zosambuka ».

peche 4

Ikoreshwa ry’ibiheko

Amatohoza yakozwe n’Ivomo aragaragaza ko hariho iyindi mvo ituma abakenyezi bakumirwa mu burovyi. Ifatiye ku kwizera ibintazi no gukoresha ibiheko. Bamwe mu barovyi bizera ko bibakingira bari mu kiyaga, bikongera bikabaronsa n’ifi nyinshi.

Benshi mu barovyi baremeza ko umugore ahirahiriye agakora ku bikoresho vyo kuroba aba abagabanirije amahirwe yo kuronka akaboga. Nk’akarorero, ku kiyaga Tanganyika. Imbere y’uko baja mu mazi, babanza kugira umugirwa utamenyerewe. Umumenyeshamakuru wacu yaravyiboneye.

Ni igihe c’isaha 10, ku mweha wa Gitaza, muri Komine Muhuta (ku birometero 30 mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura). Abarovyi bariko barikazanura ngo binjire ikiyaga. Ariko imbere yo kuzitura ubwato, umwe mu barongoye abandi aca ahitana indobo y’amazi, afata amababi y’ibiti atekeye hamwe, akoza muri ayo mazi araheza amijagira ku bwato, nka kurya patiri abikora mu nkuka ya misa. Uwo mugabo yabikora yongera atongera (avuga utujambo mu ntamatama). Atareheza, haca haza umugwi w’abakenyezi, bamera nk’abegera. Ubwo nyene, uwo mutama aca arahagarika, yigira uw’ejo nk’uko umenga ntaco yariko arakora. Gurtyo, abarovyi bagenzi we babona kwirukana abo bagore. Kubera agashavu, baciye bunguruza ubwato bwabo, baja kubandaniriza wa mu girwa hirya nko ku metero 400.

Umwe muri bo yasigaye muri ico kibanza, yarongoreye umumenyeshamakuru ingene bimeze : « Ntidushobora kureka abagore ngo begere ibikoresho vyacu kubera agasabirwa (umuti) gaca gapfa. Tubaretse dushobora no gutaha zirayoye, ata fi n’imwe dutahanye. Iyo buca tuja kuroba ntiduhirahira ngo turarane n’abagore bacu. Bifise ingaruka mbi cane kuri aka kazi ».

Umukurambere Mizungo, aturuka muri Komine Giharo, nawe nyene niko abibona. Umugore n’abana biwe b’abigeme ntibarekuriwe kwegera ibikoresho vyiwe. « Iyo ngiye kuroba kuri Malagarazi, nkamara imisi ata fi n’imwe ndonse, nca menya ko bampumanirije ibikoresho. Muri ico gihe, ntegerezwa kuvyuhagira, nkabihumanura nkoresheje amazi arimwo umuti », niko asigura.

Ikoreshwa ry’ibiheko rirateye umutima uhagaze ishirahamwe ry’abarovyi FDP. Kassim Nsengiyumva arirongoye amenyesha ko muri kahise vyabagoye cane gushira ku murongo abarovyi bizera ibintazi : « Baremeza neza ko bararanye n’abagore iyo buca baja kuroba ata fi n’imwe baronka, ariko sivyo. Ni uguhuguza ».

Kassim asigura ko bafadikanije n’abajejwe intwaro, bahavuye bashiraho amategeko atari ay’ukuri, kugira basubize ku murongo abarovyi basa n’abahevye abagore babo kubera uwu mwuga. Nk’akarorero guhera mu mwaka w’2000, ibikorwa vy’uburovyi mu kiyaga Tanganyika birahagarikwa mu kiringo c’imisi indwi uko ukwezi gutashe. Insiguro ihabwa abarovyi ni iyi : Mu gihe ibikorwa vy’uburovyi bikozwe imisi 30 kuri 30 igize ukwezi, ata kuruhuka, ifi zica zihona. Ni vyiza rero guhagarika ivyo bikorwa n’imiburiburi imisi indwi mu kwezi kugira zibanze zirondoke, zigwire”.

Mu vy’ukuri iyo nsiguro ntigira ishingiro. Ifi ntizigwira mu misi indwi gusa. Ariko Kassim amenyesha ko bayifashe nkana. « Twari twabonye ko hariko haravuka ingeso mbi, mu barovyi, yo guheba imiryango yabo bakaja mu buhumbu. Abaturuka mu ntara za ruguru, barashobora kumara amezi n’amezi ku kiyaga badasubiye kuraba imiryango. Ivyo bintu vyari biteye ubwoba. Ntaworetse ngo bibandanye gurtyo. Nico gituma twaciye tuja hamwe turiyumvira umukenyuro twokoresha kugira bemere kuja barataha kuraba abana n’imiryango”.

Dusozere

Ukwo bosigura kwose, biguma bitangeje kubona mu kinjana ca 21 abakenyezi bagikumirwa mu myuga kandi bashoboye kuyikora. Haciye imyaka itari mike reta y’Uburundi ishizeho politike yo kunganisha ibitsina. Iyo politike ifise intumbero yo gufata ku rugero rumwe umugabo n’umugore, kwiyamiriza ikumirwa ryose rifatiye ku gitsina. Ariko mu vy’ukuri, haracari agahaze. Iyo politike ntiraja mu ngiro neza. Ukwo biri kwose, igihugu c’uburundi cohungukira vyinshi hamwe abagore n’abakobwa boronka umwidegemvyo wo gukora imyuga bihitiyemwo, maze bagaterera bikwiye mw’iterambere ry’igihugu.

*amazina yarahinduwe

You might like

About the Author: ivomo news

Laisser un commentaire

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.