Imyaka amajana Uburundi burimisha isuka: buzotera imbere gute?

Analyses

Ni ikibazo umuririmvyi w’Umurundi, Pascal Mpawenayo, yibaza mu ruririmbo rwiwe yise: « Imyaka 300». Uwo mugabo w’imyaka yababa 40, ababazwa n’ingene abarundi bicwa n’inzara, aho gukura amaboko mu mpuzu, bakaguma beza amaso amakungu ngo aze kuyibakiza.

Ku bwa Mpawenayo, hari agahaze muri kamere y’abarundi. Yipfuza ko buguruka amaso, bagatsinda ubunebwe, bakareka no gucanamwo. Reta nayo, igahindura ingene ikora.

Mu Burundi, abarimyi bose barimisha isuka

Twahisemwo kubashikiriza aya majambo muyisomere:

Ngo mu mpera z’ikinjana ca 17,

niho ijwi ry’umwami ryumvikana

mu matwi y’abo twese twama twita basokuru

Nimba ntihenze,

bari babayeho nk’inyamaswa

Ariko ico sico gikuru

Igikuru ni uyo mwami yabigishije gufata imigambi:

atuma barima,

bareka gukwira imirambi,

bagabanya guhiga,

bijukira guhinga,

barimba n’ubutare,

bacika abahinga

Bacura impindu n’amasuka,

batangura kworora inka,

bubaka imizinga y’inzuki bahakura ubuki

Bakora inanga,

bavuza umuziki,

biyumvira ikembe n’umuduri,

bakana ingoma

Ibitoke vy’urwarwa babitara mu rugarama,

bubaka uburaro baranabusikura

Babaza isekuro, batangura gusekura

Urusyo n’ingasiro, basya uburo bw’umuganuro

Imyaka 300 !

Haheze imyaka 300 !

Ibaze, imyaka 300 ! 

Ntibari bazi ko barimwo ubwoko butatu

Na kare sivyo

Ntibarimwo ubwoko butatu

Ivyo vyaje hirya y’ejo mu 60

Ibaze, ntibari bazi n’uko bitwa abarundi,

gushika Ntare Rushatsi abahurije ku mubindi 

Ntibamubajije n’izina canke iy’avuka

Bifatiye imikenke bamubwira ngo tegeka !

Abifitiye ayera baritwengera

ngo abarundi no kwisemba abanyamahanga niko bamye

Barundi, ni ryari muzohaguruka mwimenye ?

Muri mwe harabuze n’umwe uburundi abukunda ?

Ehe na jewe ndimwo amaraso y’amanyarwanda

kandi ndishimiye kuba umurundi n’umunyarwanda

Haguruke mukore

Nta yindi nzira ikunda

Ibi ndabibabariye kubera ndabakunda

Nta soni bibatera kubona mudatera imbere

kubera ubunebwe, haheze imyaka 300?

Imyaka 300!

Haheze imyaka 300!

Ibaze, imyaka 300!

Reta iyo iba ifise amatwi noyakwega

Ifise abakozi umuyoro baguma bidoga,

bayisaba amafaranga,

ikiregura ngo abazungu ntibarayatanga

Ako kazi itanga katunguka ko itakareka ?

Ibaze imvura iratunyagira,

inzara igaca itwica twiraramiye ngo abazungu baze kuyitwica!

Tugira Imana ibiterasoni ntivyica

Haba hasigaye gatoyi n’uwanyuma kagacika

Mu myaka 300 iheze,

bakoresha isuka ariko n’ubu tuguma twihambirira kw’isuka !

Abandi basigaye barimisha amamashini !

Natwe ngo ntitwohemukira akakera na rindi,

haheze imyaka 300!

Imyaka 300!

Haheze imyaka 300!

Ibaze, imyaka 300!

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.