Alice: « Urudandazwa rw’ivyamwa narukuyemwo itongo »!

Actualités

Twahisemwo kubashikiriza intahe y’umwe mu bakenyezi badandariza imboga n’ivyamwa mu gisagara ca Bujumbura, yashoboye kugura « parcelle » mu nyungu akura muri urwo rudandazwa. 

Igenekerezo rya 17 gitugutu. Isaha zine z’igitondo. Umumenyeshamakuru w’IVOMO na bagenzi we bariko barayebayeba hagati mu gisagara. Imiduga, uruja n’uruza, urwamo, … Akazuba na ko kariko karayagiriza.

Bageze hafi y’ishirahamwe ryo gutumatumanako ONATEL, niko kubona, ku ruhande rwo hepfo, umupfasoni yiremetse igiseke cuzuye ivyamwa bita pasiteke [pasthèque].

Mupfaso, tura tugushorere. Niko bamubwiye. Aratura biranka. Erega biraremereye bantu mwe! Ehe mfashe! Baca baramutura. Ngabo baramushoreye, barafunguye. Bahejeje, batangura kumuganiriza. Nawe abayagira ibijanye n’akazi kiwe n’ivyo amaze gushikako. Kimwe mu vyabatangaje, aramaze kugura parcelle !

Alice ninde ?  

Ndi umurundikazi. Mfise imyaka 25. Ndubatse. Dufise umwana umwe. Mba muri karatiye ya gihosha. Ni mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara. Navukiye muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. Naho mubona nkora aka kazi, jewe narize ! Mfise urupapuro rw’umutsindo mw’ishure nderabigisha bita “normale”.

Urugendo rwo kwiga

Amashure y’intango nayize muri zone ya Buyenzi aha mu gisagara ca Bujumbura. Mugutonda kw’ishure najana n’imodoka yo ku kazi kwa ba papa. Baje kumutora ntibansiga. Ariko mu gutaha naracumukura. Kenshi nagenda n’amaguru. Murabona ko mu Gatumba ari iyo catawe. Iyo papa yaronse udufaranga naho, yarampa utwa bus.

Yamara ntimwumve uko, ikibazo ca reta bita « concours » nagitoye ku manota meza cane. Naronse 162 ku 200 ! Reta yaciye indungika kubandaniriza kw’ishure rikuru rya Rumonge [Lycée Rumonge]. Niho nize gushika mu mwaka w’icumi. Inyuma y’aho, nagiye kubandaniriza mu ntara ya Bujumbura, muri lycée Rushubi. Niho nakuye impamyabushobozi. Hari muri 2015. Naciye nshinga urwanje muri 2016.

Iciyumviro co kudandaza caje gute?

Nabitanguye inyuma y’amezi make gusa nubatse. Umugabo wanje ni umushoferi. Kubera uburyo yaronka bwari buke, ntivyatworohera gupanga inzu no kuronka ibitubeshaho. Narabona ko aruha cane. Nama nipfuza kumusahiriza. Mbere harashitse igihe nibaza nti : mbega yemwe hamwe twogira ingorane isaba amahera menshi vyogenda gute? 

Nico gituma iyo mfise akagorane gasaba amafaranga natinya kumugora. Naca nja kuyasaba mama wanje. Namusanga aho adandariza kuri COTEBU. Kandi naho nyene ayo mahera narayakorera. Naramufasha kudandaza kandi nkirirwaho. Hari igihe yampa ibihumbi bitanu canke bine. Vyavana n’ingene yungutse uwo musi.

Ariko sinigera nezerwa no kumusaba amahera. Naguma niyumvira ingene nokora ivyanje. Umusi umwe nca ndamwegera ndamusaba impanuro. Nashaka anyereke ico nokora. Yanyishuye ati: « Ntivyoroshe. Ariko ntiwisuzugure canke ngo wumve isoni. Inguvu urazifise. Ntihazogire akazi na kamwe ukengera. Ukaronse uragakora. Ikibi ni ukurya wicaye ».

Numvise anteye intege rwose. Naciye negera abagore barangura ivyamwa kuri COTEBU. Nababajije ingene bakora. Barundi ntibangoye. Bansavye kurondera umutahe gusa. Uwo musi natashe mpimbawe. Nshitse muhira ndabikoza umucance wanje, nawe nyene avyakira neza. Inyuma y’ukwezi kumwe yaciye ampa ibihumbi ijana na mirongo itanu [150000].

« Naraguze parcelle »  

Murazi ko umuhini mushasha utera amabavu. Ngitangura kudandaza pasiteke, kenshi narahomba. Ariko uko vyanshikira niko naguma niyumvira ingene nokosora. Nahavuye nubura umukenyuro mushasha wo kudandaza inzu ku nzu. Naciye nihereza amakaratiye atandukanye. Kandi vyaciye bikunda. Mu nyuma naronse n’abakiriya nama nzanira ivyamwa bitandukanye. Gurtyo ntangura kuja ndunguka amafaranga ashika ibihumbi 15 ku musi.

Kubera nzi agafaransa, yaba umuzungu canke uwundi munyamahanga narabegera nkababaza ko noza ndabashira ivyamwa muhira. Benshi baba muri rohero. Bamwe baravyemera. Ngaca nja ndabikora ntyo. Harageze n’igihe ntangura kwinjira mu mahoteri. Nahereye muri Club du lac Tanganyika. Ico gihe nazinduka agaturuturu. Mpejeje kuyahereza, naca ntangura gutembereza mu gisagara no mumakaratiye. 

Ico gihe narunguka amafaranga yababa ibihumbi 60 ku musi. Ako kazi nkagakora kuva kuwa mbere gushika kuwa gatanu. Namwe kore ibiharuro mwumve. Nshitse muhira ku mugoroba, twaca tuja inama n’umushingantahe wanje, tukiga ingene twoyakoresha. Amwe twayikenuramwo, ayandi tukayaziganya. Inyuma y’imyaka ibiri twaciye tugura parcelle ifise agaciro k’imiliyoni 6.

«Coronavirus yaratovye isoko! »

Kubera iyo ndwara, amasoko yose nari mfise mu ma hoteri yariyugaye. Nta ngenzi zikiza. Eka n’ayo nari mfise mu mihana y’abanyamahanga nka yose yarahagaze. Amahera nahora ndonka yaragabanutse cane. Ubu ndonse menshi sindenza ibihumbi 10 ku musi. Aho mbere mba nagwanye. Umugambi wo kwubaka twaciye tuba turawubangiriyeko. Turindiriye kugira turabe iyo bitera bija.

Ariko uwuvunitse aca yiga gucumbagira. Kubera ntoguma nicaye, mperutse kwinjira mu mashirahamwe y’ikirimba. Dukorana n’abandi bakenyezi. Ku musi mbitsa ibihumbi 2. Uca wumva ko mu misi irenga gato ijana nkurayo ibihumbi 250. Nshaka kwongereza umutahe nk’uko vyari imbere ya covid-19.

« Abapolisi baraduhanze »

Ntibashaka kutubona mu gisagara. Bakubonye umengo ufise urumogi canke ishano. Baca babikwaka canke bakabisanzaza bakaguta no muri yompi. Kenshi dukora twinyegeje. Ariko ntiduheba n’ubwo bakunda kudupfunga. Kandi bagufashe, kugira uve mu gasho utanga amahera. Gusa ubu birapfuma. Uriha ibihumbi 20 gusa. Mu misi iheze watanga menshi cane. Jewe barigeze kumfata. Kugira bandekure natanze ibihumbi 50. Urumva ko bitoroshe. N’ubu baguma batwirukako. Tuguma twayafyuye. Ndababonye nca ntungwa n’ayo nameze. Kandi ntumbone uku jewe ndazi kwiruka. Hari n’igihe usanga tugize amasanganya turiko turahunga.

« Nta gufyina n’ubuzima »

Narakuye mu mutwe ivyo gusuzugura akazi uko kari kwose. Impanuro mama yampaye ni nziza. Nzoguma ndayigendera. Naho bombwira kuja kwimba ikinogo nobikora. Igikuru ni agahembo. Nta gukina n’ubuzima!

Nababwiye ko kuba narize bimfasha. Naho duhura n’uwuvuga icongereza canke igiswahili turavugana tugahuza maze agaheza akanshorera aryohewe cane. N’ubu turiko turavugana mvuye guhereza pasiteke umu kenya. Anguriye iz’ibihumbi bitatu. Aha mumpagaritse ndiko nerekeza aho hepfo. Hariyo uwundi munyamahanga akunda kunshorera. Ni abakiriya banje bakomeye. Ndabubaha kandi ndabakunda. Ndabafata neza kubera ndazi akamaro ka bo. Iyo nsanze baguze nk’imihwi n’imicungwe nca ndabibategurira jewe nyene bagaca babifungura.

Muri make nta ngorane zo kubaho zikomeye mfise. Nahejeje amashure muri 2015. Abo twiganye nka bose nta kazi ka reta bararonka. Mbona umengo ntikanatangwa cane. Nico gituma ata bwoba mfise. Nkeneye kwikorera ivyanje, kwitunga. Niho nogira umwidegemvyo.  

Umugambi wa kazoza

Nihaye ihangiro ry’uko mu myaka itatu iza nzoca mpagarika gutembereza pasiteke n’ibindi vyamwa kugira ntangure kuja kurangura ibifungurwa bitandukanye mu ntara za ruguru nko mu kumoso n’ahandi. Ivyo nzozana nzobishora mu masoko y’i Bujumbura. Kandi nzoranguza gusa. Ndizeye ko bizogenda neza. Icipfuzo nyamukuru, ni uko twokwubaka parcelle yacu, tukaruhuka ubuzima bwo gupanga.

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.